Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 4
“Cane cane nkebure abanyapolitike. Kwiba ingoma ni kimwe, kuronka aho uyivugiriza ni ikindi”.
Ayo ni amwe mu majambo umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yashikirije ku wa gatandatu, mu birori vyo guhimbaza ku ncuro igira 10 umusi ngarukamwaka wahariwe urwaruka rw’umugamwe CNDD-FDD, Imbonerakure Day, vyabereye ku murwa mukuru wa politike Gitega.










